Yesaya 29:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 kuko niyabona abana biwe, igikorwa c’amaboko yanje, hagati muri we+, bazokweza izina ryanje+, kandi ntibazobura kweza Umweranda wa Yakobo+, kandi Imana ya Isirayeli bazoyigirira akoba+. Yesaya 60:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Nayo abantu bawe, bose bazoba abagororotsi+; bazokwigabira igihugu gushika igihe kitagira urugero+, babe umunago nitereye+, igikorwa c’amaboko yanje+, kugira ngo nsharizwe+. Yeremiya 3:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Jewe navuze nti: ‘Ese ukuntu nagushize mu bahungu banje nkongera nkaguha igihugu gihimbaye+, intoranwa amahanga menshi cane abona ko ari agasharizo!’ Vyongeye navuze nti: ‘Muzosemerera mumpamagara muti: “Dawe+!”, kandi ntimuzosubira inyuma ngo mureke kunkurikira.’ Hoseya 1:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 “Kandi igitigiri ca bene Isirayeli kizoba koko nk’udutete tw’umusenyi two ku kiyaga tudashobora kugerwa canke guharurwa+. Kandi aho bahora babwirirwa ngo: ‘Ntimuri abantu banje+,’ bazohabwirirwa ngo: ‘Muri abana b’Imana nzima+.’ Abagalatiya 3:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 Vyongeye, nimba mwegukira Kristu, muri uruvyaro rwa Aburahamu vy’ukuri+, ba samuragwa ku bijanye n’umuhango+.
23 kuko niyabona abana biwe, igikorwa c’amaboko yanje, hagati muri we+, bazokweza izina ryanje+, kandi ntibazobura kweza Umweranda wa Yakobo+, kandi Imana ya Isirayeli bazoyigirira akoba+.
21 Nayo abantu bawe, bose bazoba abagororotsi+; bazokwigabira igihugu gushika igihe kitagira urugero+, babe umunago nitereye+, igikorwa c’amaboko yanje+, kugira ngo nsharizwe+.
19 Jewe navuze nti: ‘Ese ukuntu nagushize mu bahungu banje nkongera nkaguha igihugu gihimbaye+, intoranwa amahanga menshi cane abona ko ari agasharizo!’ Vyongeye navuze nti: ‘Muzosemerera mumpamagara muti: “Dawe+!”, kandi ntimuzosubira inyuma ngo mureke kunkurikira.’
10 “Kandi igitigiri ca bene Isirayeli kizoba koko nk’udutete tw’umusenyi two ku kiyaga tudashobora kugerwa canke guharurwa+. Kandi aho bahora babwirirwa ngo: ‘Ntimuri abantu banje+,’ bazohabwirirwa ngo: ‘Muri abana b’Imana nzima+.’
29 Vyongeye, nimba mwegukira Kristu, muri uruvyaro rwa Aburahamu vy’ukuri+, ba samuragwa ku bijanye n’umuhango+.