ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 21:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Kuko umwami wa Babiloni yahagaze ku masanganzira, ku mutwe wa nya nzira zibiri, kugira ngo yikore ku buraguzi+. Yazungagije imyampi. Yasiguje biciye kuri terafimu*+; yaravye mu gitigu.

  • Daniyeli 2:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Nuko umwami avuga ko bahamagara abaherezi b’abanyamageza+, n’abahamagara imizimu, n’abapfumu be n’Abakaludaya, ngo babwire umwami indoto ziwe+. Baraheza baraza, bahagarara imbere y’umwami.

  • Daniyeli 5:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Umwami asemerera n’ijwi rirenga ngo bazane abahamagara imizimu, Abakaludaya be n’abaragurira ku nyenyeri+. Umwami abwira inkerebutsi z’i Babiloni ati: “Uwuza gusoma iyi nyandiko kandi akanyereka insobanuro yayo, arambikwa impuzu y’umuyugubwe+, n’urunigi rw’inzahabu mw’izosi, kandi azoganza ari uwugira gatatu mu bwami+.”

  • Ivyahishuwe 18:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 kandi nta muco w’itara uzokwigera wongera gukayangana iwawe, kandi nta jwi ry’umukwe n’iry’umugeni rizokwigera ryongera kwumvikana iwawe+; kuko abadandaza b’ingenzi+ bawe bari bo bantu bo ku rwego rwo hejuru+ bo kw’isi, kuko amahanga yose yazimijwe n’ubupfumu bwawe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika