ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 35:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  5 Nibacike nk’umuguruka imbere y’umuyaga+,

      Kandi umumarayika wa Yehova abahinde+.

  • Zaburi 83:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Ewe Mana yanje, nubagire nk’agashururu k’ibitovu+,

      Nk’ibishakara imbere y’umuyaga+.

  • Yesaya 29:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Isinzi ry’abo utazi rizocika nk’intumo inoze+, isinzi ry’intwazamukazo+ na ryo nk’umuguruka uhita+. Kandi bizotegerezwa kuba mu kanya isase, bukwi na bukwi+.

  • Daniyeli 2:35
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 35 Uwo mwanya, ca cuma, rya bumba ribumbabumvye, wa mujumpu, ya feza na ya nzahabu, vyose hamwe, birajanjagurwa bicika nk’umuguruka uvuye ku mbuga y’ikubitiro yo mu ci+, maze umuyaga urabijana ku buryo ata n’ikanda ryavyo riboneka+. Nya buye ryari rikubise ico gishusho ricika umusozi munini, ryuzura isi yose+.

  • Hoseya 13:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Ni co gituma bazoba nk’ibicu vyo mu gitondo+ bongere babe nk’ikime gikamangana kare; bazoba nk’umuguruka uvumbuwe n’ikirura ukava ku mbuga y’ikubitiro+, babe kandi nk’umwotsi ufumbukana mu ntoboro y’igisenge.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika