ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 28:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Kandi abo na bo nyene—kubera umuvinyu barazimiye, kandi kubera inzoga iboreza barayerereye. Umuherezi be n’umuhanuzi+—barazimiye kubera inzoga iboreza, baravurunganye bivuye ku muvinyu, barayerereye+ bivuye ku nzoga iboreza; barazimiye mu kubona kwabo, barazungazunze ku bijanye n’ingingo.

  • Yeremiya 5:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Vy’ukuri, abahanuzi bavuga ubuhanuzi mu kinyoma+; nayo abaherezi, bakandamiza abantu bisunze ububasha bwabo+. Kandi abantu banje bakunze ko biba gutyo+; none muzogira mute kw’iherezo ryavyo+?”

  • Yeremiya 6:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 “Kuko kuva ku mutoyi muri bo gushika no ku wuhambaye kuruta abandi muri bo, bose bironderera inyungu y’akarenganyo+; kandi kuva ku muhanuzi gushika no ku muherezi, bose bakorana ububeshi+.

  • Yeremiya 8:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Ku bw’ivyo, abagore babo nzobaha abandi bagabo, amatongo yabo ndayahe abayigarurira+; kuko, kuva ku mutoyi muri bo gushika no ku wuhambaye kuruta abandi muri bo, umwe wese yironderera inyungu y’akarenganyo+; kuva ku muhanuzi gushika no ku muherezi, umwe wese akorana ububeshi+.

  • Ezekiyeli 22:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Hagati muri co hari umugambi mubi w’abahanuzi baco+, nk’intambwe iroha, itabagura ico icakiye+. Bararotsa umuntu vy’ukuri+. Baguma batwara itunga n’ibintu vy’agaciro+. Bagwije abapfakazi baco hagati muri co+.

  • Zefaniya 3:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Abahanuzi biwe bari abatisonera, bakaba n’abantu b’ibihemu+. Abaherezi biwe barahumanije ivyari ivyeranda; bakoreye itegeko ivy’ubukazi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika