ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 13:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 “Nihagira umuhanuzi+ canke umurosi+ w’indoto ahaguruka hagati yawe akaguha koko ikimenyetso canke imburizi+,

  • Yeremiya 14:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Yehova yongera kumbwira ati: “Ubuhanuzi bw’ibinyoma ni bwo abo bahanuzi bavuga mw’izina ryanje+. Sinabatumye, eka kandi nta co nabategetse canke ngo ndababwire+. Bababwira mu buryo bw’ubuhanuzi ukwerekwa kw’ikinyoma, ukuragura, ikintu ata co kimaze+, n’amayeri yo mu mutima wabo+.

  • Yeremiya 23:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 “Sinatumye abahanuzi, yamara barirutse. Sinavuganye na bo, yamara baravuze ubuhanuzi+.

  • Yeremiya 27:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 “‘Kuko ntabatumye,’ ni ko Yehova avuze, ‘mugabo bavuga ubuhanuzi mw’izina ryanje mu binyoma, kugira mwebwe ndabashwiragize+, kandi muzoyogera ata kabuza+, mwe n’abahanuzi bababwira ubuhanuzi+.’”

  • Yeremiya 29:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 “Tuma ku bajanywe mu bunyagano bose+ uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze kuri Shemaya w’i Nehelamu: “Ko Shemaya yababwiye ubuhanuzi, kandi jewe ntamutumye, akagerageza kubizigiza ikinyoma+,

  • Ezekiyeli 13:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Baragowe abahanuzi b’ibijuju+ bagenda bakurikira umutima wabo bwite+, kandi ata co babonye+!

  • Zakariya 13:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Kandi nihagira uwusubira kuvuga ubuhanuzi, se na nyina bamuvyaye ntibazobura kumubwira bati: ‘Ntubandanya kubaho, kuko wavuze ibinyoma mw’izina rya Yehova.’ Maze se na nyina bamuvyaye bazomutobekeranya kubera ukuvuga ubuhanuzi kwiwe+.

  • Luka 6:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 “Muzoba mugowe, igihe cose abantu bose bazoba babavuga neza, kuko ibintu nk’ivyo ari vyo ba sekuruza babo bagirira abahanuzi b’ikinyoma+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika