Guharura 10:33 Bibiliya y’isi nshasha 33 Nuko baragenda bavuye ku musozi wa Yehova+ ku bw’urugendo rw’imisi itatu, kandi isandugu y’isezerano+ rya Yehova yagendera imbere yabo muri iyo misi itatu y’urugendo ku bwo kubaronderera ahantu h’ukuruhukira+. Zaburi 95:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Ni bo narahiye mw’ishavu ryanje+ nti:“Ntibazokwinjira ahantu hanje h’ukuruhukira+.” Yesaya 63:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Nka kurya igikoko kimanuka mu kiyaya c’umubande, impwemu ya Yehova yaciye ituma baruhuka+.” Ukwo ni ko wayoboye abantu bawe kugira ngo wiheshe izina ryiza+. Abaheburayo 4:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Kuko iyo Yosuwa+ abinjiza ahantu h’akaruhuko+, Imana ntiba yaravuze mu nyuma+ ivy’uwundi musi.
33 Nuko baragenda bavuye ku musozi wa Yehova+ ku bw’urugendo rw’imisi itatu, kandi isandugu y’isezerano+ rya Yehova yagendera imbere yabo muri iyo misi itatu y’urugendo ku bwo kubaronderera ahantu h’ukuruhukira+.
14 Nka kurya igikoko kimanuka mu kiyaya c’umubande, impwemu ya Yehova yaciye ituma baruhuka+.” Ukwo ni ko wayoboye abantu bawe kugira ngo wiheshe izina ryiza+.