3Hanyuma Musa aba umwungere w’umukuku wa Yetiro+, umuherezi wa Midiyani, uwo yari abereye umukwe+. Igihe yari ashoreye umukuku ku ruhande rw’uburengero bw’agahinga, yaratevye ashika ku musozi w’Imana y’ukuri+, i Horebu+.
3 Hanyuma Musa aduga ku Mana y’ukuri, Yehova aca atangura kumuhamagarira muri nya musozi+, avuga ati: “Ibi ni vyo ubwirizwa kubwira inzu ya Yakobo no kubarira bene Isirayeli:
16 Ubuninahazwa bwa Yehova+ bubandanya kuba ku musozi Sinayi+, ca gicu na co kibandanya kuwupfuka kumara imisi itandatu. Amaherezo ku musi ugira indwi, ahamagarira Musa hagati muri nya gicu+.
4 “Nimwibuke rya tegeko rya Musa umusavyi wanje, iryo namutegekeye i Horebu ku vyerekeye Isirayeli yose, ni zo ngingo nyobozi n’ingingo z’ubutungane*+.