Kuvayo 6:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Kandi narabonekera Aburahamu+, Izahaki+ na Yakobo+ bwa Mana Mushoboravyose+, mugabo ntaho nimenyekanishije kuri bo mw’izina ryanje Yehova+. Kuvayo 15:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Yehova ni umugabo mu ntambara+. Yehova ni ryo zina ryiwe+. Yeremiya 32:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Umwe agirira ubuntu bwuzuye urukundo ibihumbi+, kandi akishura ikosa rya ba se mu gikiriza c’abahungu babo mu nyuma zabo+, wewe Mana y’ukuri, Umwe ahambaye+, Umwe w’umunyabushobozi+, Yehova nyen’ingabo+ akaba ari ryo zina ryiwe+, Amosi 5:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Wa Muhinguzi w’akarundo k’inyenyeri+ kitwa Kima+ be n’akitwa Kesili+, Umwe afata igitutu kizitanye+ akagihindura igitondo, Umwe afata umurango akawugira umwiza nk’ijoro+, Umwe ahamagara amazi y’ikiyaga, ngo ayasuke ku buringanire bw’isi+—Yehova ni ryo zina ryiwe+; Amosi 9:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 “‘Umwe yubaka ingazi ziwe mu majuru+, akubaka n’inyubakwa yiwe hejuru y’isi yashizeho+, umwe ahamagara amazi y’ikiyaga+, ngo ayasuke ku buringanire bw’isi+—Yehova ni ryo zina ryiwe+.’
3 Kandi narabonekera Aburahamu+, Izahaki+ na Yakobo+ bwa Mana Mushoboravyose+, mugabo ntaho nimenyekanishije kuri bo mw’izina ryanje Yehova+.
18 Umwe agirira ubuntu bwuzuye urukundo ibihumbi+, kandi akishura ikosa rya ba se mu gikiriza c’abahungu babo mu nyuma zabo+, wewe Mana y’ukuri, Umwe ahambaye+, Umwe w’umunyabushobozi+, Yehova nyen’ingabo+ akaba ari ryo zina ryiwe+,
8 Wa Muhinguzi w’akarundo k’inyenyeri+ kitwa Kima+ be n’akitwa Kesili+, Umwe afata igitutu kizitanye+ akagihindura igitondo, Umwe afata umurango akawugira umwiza nk’ijoro+, Umwe ahamagara amazi y’ikiyaga, ngo ayasuke ku buringanire bw’isi+—Yehova ni ryo zina ryiwe+;
6 “‘Umwe yubaka ingazi ziwe mu majuru+, akubaka n’inyubakwa yiwe hejuru y’isi yashizeho+, umwe ahamagara amazi y’ikiyaga+, ngo ayasuke ku buringanire bw’isi+—Yehova ni ryo zina ryiwe+.’