12 Amaherezo Yehoyakini umwami wa Yuda arasohoka aja ku mwami wa Babiloni+, ari kumwe na nyina+ wiwe, n’abasuku biwe, n’abaganwa biwe, n’abakozi biwe bo ku kirimba; nuko umwami wa Babiloni amutwara mu mwaka ugira umunani+ w’ingoma y’umwami wa Babiloni.
24 “‘Ndahiye ukubaho kwanje,’ ni ko Yehova avuze, ‘naho wewe Koniya+ mwene Yehoyakimu+, umwami wa Yuda, woba uri impeta y’ikidodo+ ku kuboko kwanje kw’iburyo, nohagushikura+!