ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 1:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Yehova aca ambwira ati: “Ivyago bizorekurirwa ku baba mu gihugu bose bivuye mu buraruko+.

  • Yeremiya 6:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Nimwugame, yemwe bene Benyamini, muve hagati muri Yeruzalemu; muvuze inzamba+ i Tekowa+. Muduze ikimenyetso c’umuriro kuri Beti-hakeremu+; kuko ivyago biravye epfo, biri mu buraruko, egome, ugusenyuka gukomeye+.

  • Yeremiya 21:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 “‘“Kandi inyuma y’ivyo,” ni ko Yehova avuze, “Nzotanga Zedekiya umwami wa Yuda n’abasuku biwe n’abantu n’abazoba basigaye muri iki gisagara batishwe n’ikiza n’inkota be n’ikigoyi, ndabatange mu kuboko kwa Nebukadirezari umwami wa Babiloni, egome, mu kuboko kw’abansi babo no mu kuboko kw’abarondera ubuzima bwabo, kandi azobakubitisha koko ubugi bw’inkota+. Ntazobumvira akagongwe canke ngo abagirire impuhwe canke imbabazi+.”’

  • Yeremiya 25:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 ehe ngira ntume intumwa, kandi nzotora imiryango yose yo mu buraruko+,” ni ko Yehova avuze, “egome, ngira ntume kuri Nebukadirezari umwami wa Babiloni, umusavyi wanje+, maze nzobazana batere iki gihugu+ n’abakibamwo n’aya mahanga yose ari irya n’ino+; kandi nzobatikiza ndabagire akajoreza n’ikintu co kuvugiriza agahwa+ n’ahantu hatikijwe gushika igihe kitagira urugero+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika