Yeremiya 9:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Yeruzalemu nzoyihindura ibirundo vy’amabuye+, aho imbwebwe zitaha+; ibisagara vya Yuda na vyo nzobihindura igiharabuga, aho ata muntu aba+. Yeremiya 10:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Umviriza inkuru! Ehe iraje, be n’ugusya gukomeye kuvuye mu gihugu co mu buraruko+, kugira ngo bitume ibisagara vya Yuda bicika igiharabuga, aho imbwebwe zitaha+. Malaki 1:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Esawu+ na we naramwanse; kandi amaherezo imisozi yiwe nayihinduye igiharabuga+, intoranwa yiwe ndayiha imbwebwe zo mu gahinga+.”
11 Yeruzalemu nzoyihindura ibirundo vy’amabuye+, aho imbwebwe zitaha+; ibisagara vya Yuda na vyo nzobihindura igiharabuga, aho ata muntu aba+.
22 Umviriza inkuru! Ehe iraje, be n’ugusya gukomeye kuvuye mu gihugu co mu buraruko+, kugira ngo bitume ibisagara vya Yuda bicika igiharabuga, aho imbwebwe zitaha+.
3 Esawu+ na we naramwanse; kandi amaherezo imisozi yiwe nayihinduye igiharabuga+, intoranwa yiwe ndayiha imbwebwe zo mu gahinga+.”