ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 78:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  8 Kandi ntibari bakwiye gucika nka ba sekuruza babo+,

      Iyaruka ry’akagagazo kandi ry’irigarariji+,

      Iyaruka ry’abatari barateguye umutima wabo+,

      Kandi umutima wabo ntube umwizigirwa ku Mana+.

  • Zaburi 81:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Nuko ndabareka bagendera mu kagagazo k’umutima wabo+;

      Bagendeye mu nama zabo bwite+.

  • Zaburi 95:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Mu kiringo c’imyaka mirongo ine, nagumye numva nshishwe n’iryo yaruka+,

      Ndaheza mvuga nti:

      “Ni abantu b’umutima wigira ibiro biteze+,

      Kandi bo ubwabo ntibamenye inzira zanje+”;

  • Yesaya 1:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Abaganwa bawe ni intagondwa bakaba na bagenzi b’ibisuma+. Umwe wese muri bo akunda igiturire+ kandi akiruka inyuma y’ingabirano+. Kuko badaca urubanza rw’impfuvyi; kandi n’urubanza rw’umupfakazi ntirushika kuri bo+.

  • Yesaya 65:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 “Nirirwa nsanziye amaboko igisata c’abantu b’akagagazo+, abagendera mu nzira itari nziza+, bagakurikira ivyiyumviro vyabo+;

  • Yeremiya 3:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Ico gihe bazokwita Yeruzalemu intebe y’ubwami ya Yehova+; kandi i Yeruzalemu ni ho amahanga yose azokoranirizwa+ kugira ngo ashemeze izina rya Yehova ng’aho+, kandi ntibazokwongera gukurikira akagagazo k’umutima wabo mubi+.”

  • Yeremiya 11:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Mugabo ntibumvirije canke ngo batege ugutwi+, ahubwo bagumye bagendera umwe wese mu kagagazo k’umutima wiwe mubi+; ni co catumye ndabazanako amajambo yose y’iri sezerano nari narabategetse gushitsa mugabo ntibayashitsa.’”

  • Yeremiya 18:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Na bo bavuga bati: “Ni ivy’ubusa+! Kuko tuzokurikira ivyiyumviro vyacu, kandi tuzoshitsa umwe wese akagagazo k’umutima wiwe mubi+.”

  • Hoseya 11:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Abantu banje biyemeje kumpemukira+. Babahamagara berekeza hejuru; nta n’umwe ahaguruka.

  • Ivyakozwe 7:51
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 51 “Yemwe bantu b’intabarirwa kandi batagenyerewe mu mitima+ no mu matwi: mwama murwanya impwemu nyeranda; nk’uko ba sogokuruza banyu bakora, ni ko namwe mukora+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika