ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 31:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Kuko jewe nzi neza ubugarariji bwawe+ n’izosi ryawe ridadaraye+. Aho mwarinze mugarariza Yehova+ nkiri muzima kumwe namwe uno musi, hari akantu ninamara gupfa!

  • Nehemiya 9:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Naho washinga intahe+ ubagiriza kugira ubagarukane kw’itegeko ryawe+, baritaye imbere+, ntibumviriza amabwirizwa yawe; baracumuye+ ku ngingo z’ubutungane zawe+, izo ngingo iyo umuntu azishikije akaba abaho koko bivuye kuri zo+. Bagumye bakutsa urutugu n’akagagazo+, bakomantaza izosi+, ntibumviriza+.

  • Yesaya 1:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Nimwumve+, mwa majuru, tega ugutwi nawe si, kuko Yehova ubwiwe avuze ati: “Narakujije abana, ndabarera+, mugabo bo barangararije+.

  • Yeremiya 5:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Mugabo aba bantu basigaye bafise umutima w’akagagazo kandi ugarariza; barakebeje kandi baguma bagendera mu nzira yabo+.

  • Yeremiya 6:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Bose ni abantu b’akagagazo kuruta abandi+, abantu bagendagenda ari ababesheranyi+, bameze nk’umujumpu n’icuma. Bose bakora ivy’uguhonya+.

  • Zakariya 7:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Mugabo bagumye banka kwumviriza+, baguma bakutsa urutugu n’akagagazo+, biziba amatwi ngo ntibumve+.

  • Ivyakozwe 7:51
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 51 “Yemwe bantu b’intabarirwa kandi batagenyerewe mu mitima+ no mu matwi: mwama murwanya impwemu nyeranda; nk’uko ba sogokuruza banyu bakora, ni ko namwe mukora+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika