3 Kandi utegerezwa kwumviriza, ewe Isirayeli, no kwitwararika kubikora+, kugira bikugendere neza+ no kugira mugwire cane, nk’uko Yehova Imana ya ba sogokuruza bawe yagusezeraniye+, ku bijanye na ca gihugu gitemba amata n’ubuki.
4 ayo nategetse ba sogokuruza banyu ku musi nabadugana ndabakuye mu gihugu ca Misiri+, mw’itanure rishongesha ivyuma+, nti: ‘Nimugamburuke ijwi ryanje, mukore mwisunze ivyo ndabategeka vyose+; maze muzoba koko abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu+,