Yeremiya 9:1 Bibiliya y’isi nshasha 9 Ese iyo umutwe wanje uba wari amazi, n’amaso yanje akaba yari isôko ry’amosozi+! Norize rero umurango n’ijoro ndirira abagandaguwe b’umukobwa w’abantu banje+. Yeremiya 13:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Kandi nimutavyumva+, umutima wanje uzoririra mu bwihisho kubera ubwishime bwanyu, ukorore amosozi koko; ijisho ryanje rizotemba amosozi+, kuko ubusho+ bwa Yehova buzoba bwatwawe ari imbohe. Yeremiya 14:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 “Uze ubabwire iri jambo uti: ‘Amaso yanje natembe amosozi ijoro n’umurango, ntahagarike+, kuko umukobwa w’isugi w’abantu banje avunitse agasenyuka bimwe bikomeye+, akagira uruguma rusesereza cane+. Gucura intimba 1:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Jewe umugore, ivyo bintu ni vyo biriko bindiza+. Ijisho ryanje, ijisho ryanje ririko ritemba amazi+.Kuko umuhoza yabaye kure yanje, uwohembura umutima wanje.Abana banje bagizwe umusaka+, kuko umwansi yihambaje+.
9 Ese iyo umutwe wanje uba wari amazi, n’amaso yanje akaba yari isôko ry’amosozi+! Norize rero umurango n’ijoro ndirira abagandaguwe b’umukobwa w’abantu banje+.
17 Kandi nimutavyumva+, umutima wanje uzoririra mu bwihisho kubera ubwishime bwanyu, ukorore amosozi koko; ijisho ryanje rizotemba amosozi+, kuko ubusho+ bwa Yehova buzoba bwatwawe ari imbohe.
17 “Uze ubabwire iri jambo uti: ‘Amaso yanje natembe amosozi ijoro n’umurango, ntahagarike+, kuko umukobwa w’isugi w’abantu banje avunitse agasenyuka bimwe bikomeye+, akagira uruguma rusesereza cane+.
16 Jewe umugore, ivyo bintu ni vyo biriko bindiza+. Ijisho ryanje, ijisho ryanje ririko ritemba amazi+.Kuko umuhoza yabaye kure yanje, uwohembura umutima wanje.Abana banje bagizwe umusaka+, kuko umwansi yihambaje+.