ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yobu 30:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Ndagutabaza, ariko ntunyishura+;

      Nagumye mpagaze, kugira ngo unzirikane.

  • Zaburi 22:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  2 Ewe Mana yanje, nguma mpamagara ku murango, nawe ntiwishure+;

      Ndahamagara no mw’ijoro, kandi sinigera ncereza+.

  • Zaburi 80:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  4 Ewe Yehova Mana nyen’ingabo, uzogeza ryari gufumba ushavurira isengesho ry’abantu bawe+?

  • Zaburi 102:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  2 Ntumpishe mu maso hawe ku musi ngeze habi+.

      Ntega ugutwi+;

      Ku musi mpamagaye, nunyaruke, unyishure+.

  • Imigani 15:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Yehova ari kure y’ababisha+, mugabo yumva isengesho ry’abagororotsi+.

  • Yesaya 1:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Iyo mugaranzuye ibiganza+, ndabahisha amaso yanje+. Naho mutura amasengesho menshi+, sinumviriza+; amaboko yanyu asigaye yuzuye ugusesa amaraso+.

  • Mika 3:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Ico gihe bazotabaza Yehova, mugabo ntazobishura+. Azobahisha mu maso hiwe ico gihe+, nk’uko na bo bagize nabi mu vyo bakoze+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika