ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 21:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Manase kandi asesa amaraso y’intungane+ menshi cane, gushika aho ayuzuza Yeruzalemu kuva ku mpera imwe gushika ku yindi, hambavu y’igicumuro ciwe yacumuje Yuda mu gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+.

  • Yeremiya 2:34
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 34 Vyongeye, mu mpuzu* zawe habonetse ibirabagu vy’amaraso y’aboro b’intungane+. Ntibishwe ngo ni uko bariko bamena inzu, ariko ibirabagu vy’amaraso yabo nabisanze ku mpuzu zawe zose+.

  • Hoseya 4:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Ukuvumana+, ukugira ivy’ubuhendanyi+, ukwica+, ukwiba+ n’ukurenga ibigo+ bisigaye vyiraye, kandi ibikorwa vy’ugusesa amaraso birakurakuranwa+.

  • Matayo 23:37
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 37 “Yeruzalemu, Yeruzalemu, wewe wica abahanuzi+ ugatera amabuye+ abagutumweko+,—ni kangahe nashatse gukoraniriza hamwe abana bawe, nka kurya inkokokazi ikoraniriza imiswi yayo munsi y’amababa yayo+! Ariko ntimwabishatse+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika