2 Abami 21:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Manase kandi asesa amaraso y’intungane+ menshi cane, gushika aho ayuzuza Yeruzalemu kuva ku mpera imwe gushika ku yindi, hambavu y’igicumuro ciwe yacumuje Yuda mu gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+. Yeremiya 2:34 Bibiliya y’isi nshasha 34 Vyongeye, mu mpuzu* zawe habonetse ibirabagu vy’amaraso y’aboro b’intungane+. Ntibishwe ngo ni uko bariko bamena inzu, ariko ibirabagu vy’amaraso yabo nabisanze ku mpuzu zawe zose+. Hoseya 4:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Ukuvumana+, ukugira ivy’ubuhendanyi+, ukwica+, ukwiba+ n’ukurenga ibigo+ bisigaye vyiraye, kandi ibikorwa vy’ugusesa amaraso birakurakuranwa+. Matayo 23:37 Bibiliya y’isi nshasha 37 “Yeruzalemu, Yeruzalemu, wewe wica abahanuzi+ ugatera amabuye+ abagutumweko+,—ni kangahe nashatse gukoraniriza hamwe abana bawe, nka kurya inkokokazi ikoraniriza imiswi yayo munsi y’amababa yayo+! Ariko ntimwabishatse+.
16 Manase kandi asesa amaraso y’intungane+ menshi cane, gushika aho ayuzuza Yeruzalemu kuva ku mpera imwe gushika ku yindi, hambavu y’igicumuro ciwe yacumuje Yuda mu gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+.
34 Vyongeye, mu mpuzu* zawe habonetse ibirabagu vy’amaraso y’aboro b’intungane+. Ntibishwe ngo ni uko bariko bamena inzu, ariko ibirabagu vy’amaraso yabo nabisanze ku mpuzu zawe zose+.
2 Ukuvumana+, ukugira ivy’ubuhendanyi+, ukwica+, ukwiba+ n’ukurenga ibigo+ bisigaye vyiraye, kandi ibikorwa vy’ugusesa amaraso birakurakuranwa+.
37 “Yeruzalemu, Yeruzalemu, wewe wica abahanuzi+ ugatera amabuye+ abagutumweko+,—ni kangahe nashatse gukoraniriza hamwe abana bawe, nka kurya inkokokazi ikoraniriza imiswi yayo munsi y’amababa yayo+! Ariko ntimwabishatse+.