Itanguriro 9:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Uwo wese asesa amaraso y’umuntu, amaraso yiwe azoseswa+ n’umuntu, kuko Imana yaremye umuntu mw’ishusho yayo. Guharura 35:33 Bibiliya y’isi nshasha 33 “‘Kandi ntimuze muhumanye igihugu murimwo; kuko amaraso ari yo ahumanya igihugu+, kandi igihugu ntigishobora gutangirwa impongano y’amaraso yavishijwe muri co, kiretse biciye ku maraso y’uwayavishije+. 2 Abami 24:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 no kubera amaraso y’intungane yari yarasheshe, ku buryo yuzuza Yeruzalemu amaraso y’intungane+, maze Yehova ntiyemera kubabarira+. Imigani 6:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 amaso yishira hejuru+, ururimi rw’ikinyoma+ n’amaboko asesa amaraso y’intungane+, Yesaya 59:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Kuko ibiganza vyanyu vyandujwe n’amaraso+, intoke zanyu na zo zikanduzwa n’ikosa. Iminwa yanyu yavuze ibinyoma+. Ururimi rwanyu rwagumye ruvugira mu ntamatama ibitagororotse+. Yeremiya 2:34 Bibiliya y’isi nshasha 34 Vyongeye, mu mpuzu* zawe habonetse ibirabagu vy’amaraso y’aboro b’intungane+. Ntibishwe ngo ni uko bariko bamena inzu, ariko ibirabagu vy’amaraso yabo nabisanze ku mpuzu zawe zose+. Matayo 23:30 Bibiliya y’isi nshasha 30 mukavuga ngo: ‘Iyo tuhaba mu misi ya ba sogokuruza ntitwari gufatanya na bo mu gusesa amaraso y’abahanuzi+.’ Abaheburayo 11:37 Bibiliya y’isi nshasha 37 Baratewe amabuye+, barageragejwe+, barakekagujwe imisumeno, barapfuye+ bakerejwe inkota, barayerereye bari mu nsato z’intama+, mu nsato z’impene, bari mu bukene+, mu makuba+, bagirirwa nabi+;
6 Uwo wese asesa amaraso y’umuntu, amaraso yiwe azoseswa+ n’umuntu, kuko Imana yaremye umuntu mw’ishusho yayo.
33 “‘Kandi ntimuze muhumanye igihugu murimwo; kuko amaraso ari yo ahumanya igihugu+, kandi igihugu ntigishobora gutangirwa impongano y’amaraso yavishijwe muri co, kiretse biciye ku maraso y’uwayavishije+.
4 no kubera amaraso y’intungane yari yarasheshe, ku buryo yuzuza Yeruzalemu amaraso y’intungane+, maze Yehova ntiyemera kubabarira+.
3 Kuko ibiganza vyanyu vyandujwe n’amaraso+, intoke zanyu na zo zikanduzwa n’ikosa. Iminwa yanyu yavuze ibinyoma+. Ururimi rwanyu rwagumye ruvugira mu ntamatama ibitagororotse+.
34 Vyongeye, mu mpuzu* zawe habonetse ibirabagu vy’amaraso y’aboro b’intungane+. Ntibishwe ngo ni uko bariko bamena inzu, ariko ibirabagu vy’amaraso yabo nabisanze ku mpuzu zawe zose+.
30 mukavuga ngo: ‘Iyo tuhaba mu misi ya ba sogokuruza ntitwari gufatanya na bo mu gusesa amaraso y’abahanuzi+.’
37 Baratewe amabuye+, barageragejwe+, barakekagujwe imisumeno, barapfuye+ bakerejwe inkota, barayerereye bari mu nsato z’intama+, mu nsato z’impene, bari mu bukene+, mu makuba+, bagirirwa nabi+;