ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 9:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Uwo wese asesa amaraso y’umuntu, amaraso yiwe azoseswa+ n’umuntu, kuko Imana yaremye umuntu mw’ishusho yayo.

  • Guharura 35:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 “‘Kandi ntimuze muhumanye igihugu murimwo; kuko amaraso ari yo ahumanya igihugu+, kandi igihugu ntigishobora gutangirwa impongano y’amaraso yavishijwe muri co, kiretse biciye ku maraso y’uwayavishije+.

  • 2 Abami 24:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 no kubera amaraso y’intungane yari yarasheshe, ku buryo yuzuza Yeruzalemu amaraso y’intungane+, maze Yehova ntiyemera kubabarira+.

  • Imigani 6:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 amaso yishira hejuru+, ururimi rw’ikinyoma+ n’amaboko asesa amaraso y’intungane+,

  • Yesaya 59:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Kuko ibiganza vyanyu vyandujwe n’amaraso+, intoke zanyu na zo zikanduzwa n’ikosa. Iminwa yanyu yavuze ibinyoma+. Ururimi rwanyu rwagumye ruvugira mu ntamatama ibitagororotse+.

  • Yeremiya 2:34
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 34 Vyongeye, mu mpuzu* zawe habonetse ibirabagu vy’amaraso y’aboro b’intungane+. Ntibishwe ngo ni uko bariko bamena inzu, ariko ibirabagu vy’amaraso yabo nabisanze ku mpuzu zawe zose+.

  • Matayo 23:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 mukavuga ngo: ‘Iyo tuhaba mu misi ya ba sogokuruza ntitwari gufatanya na bo mu gusesa amaraso y’abahanuzi+.’

  • Abaheburayo 11:37
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 37 Baratewe amabuye+, barageragejwe+, barakekagujwe imisumeno, barapfuye+ bakerejwe inkota, barayerereye bari mu nsato z’intama+, mu nsato z’impene, bari mu bukene+, mu makuba+, bagirirwa nabi+;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika