ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 28:37
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 37 Uzocika akajoreza+, iciro ry’umugani+ n’akamenyo mu bisata vy’abantu vyose Yehova azokujanamwo.

  • 1 Abami 9:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 nzorandura rero Isirayeli ku buringanire bw’ubutaka nayihaye+; kandi inzu nereje izina ryanje nzoyita imve imbere+, kandi Isirayeli izocika iciro ry’umugani+ n’akamenyo mu bisata vy’abantu vyose.

  • 2 Ngoma 7:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 nzobarandura rero ku butaka bwanje nabahaye+; kandi iyi nzu nereje+ izina ryanje nzoyita imve mu maso+, ndayigire iciro ry’umugani+ n’akamenyo mu bisata vy’abantu vyose+.

  • Zaburi 79:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  4 Twacitse iceyi ku babanyi bacu+,

      Agatwengo n’akamenyo ku badukikuje+.

  • Zaburi 80:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  6 Wadushiriyeho kuba abo gushihanirwako n’ababanyi bacu+,

      Abansi bacu na bo bakaguma bitwengera uko bashaka+.

  • Yeremiya 18:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 kugira ngo igihugu cabo bakigire akajoreza+, kibe ico kuvugiriza agahwa gushika igihe kitagira urugero+. Umuntu wese azoca iruhande yaco azogitamarira ajongorotse yongere azunze umutwe+.

  • Ezekiyeli 5:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 “‘Kandi nzokugira ikibanza gitikijwe be n’iceyi mu mahanga agukikuje, mu maso y’uwuhita wese+.

  • Ezekiyeli 23:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Uzonywa igikombe ca mwene wanyu, kimwe kirekire kandi cagutse+. Uzocika agatwengo n’agashinyaguro, igikombe kirimwo vyinshi+.

  • Daniyeli 9:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Ewe Yehova, nk’uko ibikorwa vyawe vyose vy’ubugororotsi biri+, ndakwinginze ishavu ryawe n’ubushangashirwe bwawe bisubire inyuma bive ku gisagara cawe Yeruzalemu, umusozi wawe mweranda+; kuko, bivuye ku bicumuro vyacu no ku makosa ya ba sogokuruza bacu+, Yeruzalemu n’igisata cawe bisigaye ari iceyi ku badukikuje+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika