ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 26:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Ninamara kubavunira inkoni zitungirwako imikate imeze nk’ikigōmbo+, abagore cumi bazokwotsa koko umukate wanyu mw’ifuru imwe itarenga, bawubagarukanire ku gipimo+; kandi kurya muzorya mugabo ntimuzohaga+.

  • Zaburi 105:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Nuko ahamagarira ikigoyi ku gihugu+;

      Avuna inkoni yose yatungirwako imikate imeze nk’ikigōmbo+.

  • Yesaya 3:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Kuko, ehe Umukama w’ukuri+, Yehova nyen’ingabo, agira akure muri Yeruzalemu+ no muri Yuda icishimikizo n’ubwegamo, icishimikizo cose c’umukate n’icishimikizo cose c’amazi+,

  • Ezekiyeli 5:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 “‘Ninabarungikako ya myampi mibi y’ikigoyi+, imwe yo guhonya, ya myampi nzorungika kubahonya+, emwe, nzokwongereza ikigoyi kuri mwebwe nongere mvune inkoni zanyu zitungîrwako imikate imeze nk’ikigōmbo+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika