ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 54:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Ntutinye+, kuko utazomaramazwa+; kandi ntuteterwe, kuko utazotaha zirayoye+. Kuko uzokwibagira mbere ibimaramare vy’igihe cawe c’ubuto+, kandi iceyi c’ubupfakazi bwawe bubandanya ntuzokwongera kucibuka.”

  • Yesaya 60:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 “Abana b’abaguteza amarushwa bazotegerezwa kuza kuri wewe bakwunamira+; abakugaya bose bazotegerezwa gukubita inkoro hasi imbere y’ubworo bw’ibirenge vyawe+, kandi bazobwirizwa kukwita igisagara ca Yehova, Siyoni+ y’Umweranda wa Isirayeli.

  • Ezekiyeli 34:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 “‘“Kandi nzozihagurukiriza umurima wa rurangiranwa+, kandi ntizizokwongera guhitanwa n’ikigoyi mu gihugu+, kandi ntizizokwongera kwikorera agateterwe gaterwa n’amahanga+.

  • Mika 7:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Ntunezerwe ku binyerekeye, ewe mugore uri umwansi wanje+! Naho natemvye, sinzobura guhaguruka+; naho mba mu mwiza+, Yehova azombera umuco+.

  • Zefaniya 3:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Ehe ico gihe nzohagurukira abahora baguteza amarushwa bose+; kandi umwe acumbagira nzomukiza+, n’umwe yashwiragira ndamukoranirize hamwe+. Nzobagira ishemezo n’izina mu gihugu cose bamaramariyemwo.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika