ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 30:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 “Nayo wewe, ntutinye, ewe musavyi wanje Yakobo,” ni ko Yehova avuze, “kandi ntucike ivutu, ewe Isirayeli+! Kuko ehe ngira ngukize ngukuye kure, n’uruvyaro rwawe ndarukize ndarukuye mu gihugu rwagizwemwo imbohe+. Yakobo azogaruka koko, abeho ata kimudurumbanya kandi atekanye, kandi nta n’umwe azomujugumiza+.”

  • Yeremiya 46:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 “‘Nayo wewe, ntutinye, ewe musavyi wanje Yakobo, ntucike ivutu, ewe Isirayeli+! Kuko ehe ngira ngukize ndagukuye kure, n’uruvyaro rwawe ndarukize ndarukuye mu gihugu rwagizwemwo imbohe+. Kandi Yakobo azogaruka koko, abeho ata kimuhungabanya, atekanye kandi ata wumujugumiza+.

  • Ezekiyeli 28:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 “‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ninakoraniriza hamwe inzu ya Isirayeli ndayikuye mu bisata basanzarijwemwo+, nzoca nezwa vy’ukuri hagati muri bo mu maso y’amahanga+. Bazokwibera koko ku butaka bwabo+ nahaye umusavyi wanje, egome, ubwo nahaye Yakobo+.

  • Amosi 9:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Kandi nzogarukana abagizwe imbohe bo mu bantu banje Isirayeli+, na bo bazokwubaka vy’ukuri ibisagara vyagizwe umusaka babibemwo+, batere imirima y’imizabibu binywere umuvinyu wayo, barime n’imirima birire ivyamwa vyayo+.’

  • Zefaniya 3:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Ico gihe nzobacūra, emwe, mu gihe canje co kubakoraniriza hamwe. Kuko nzobagira izina n’ishemezo mu bisata vy’abantu vyose vyo kw’isi, ninagarukana imbohe zanyu muvyibonera,” ni ko Yehova avuze+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika