15Akarere umuryango wa bene Yuda waheshejwe ubupfindo+ hakurikijwe imiryango yabo kagarukira ku rubibe rwa Edomu+, ni ukuvuga mu gahinga ka Zini+, ku mpera ya Negebu+ yo mu bumanuko.
9 Intoranwa ya bene Simeyoni yakuwe ku mugabane wa bene Yuda, kuko umuturi wa bene Yuda wari munini rwose kuri bo+. Bene Simeyoni baronka rero aho bigabira hagati mu ntoranwa yabo+.