ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 29:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 “‘Kuko jewe nzi neza ivyiyumviro ndabiyumvirako+,’ ni ko Yehova avuze, ‘ivyiyumviro vy’amahoro, atari ivy’ivyago+, kugira ngo ndabahe kazoza n’icizigiro+.

  • Gucura intimba 3:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 Kuko atateje amarushwa abana b’abantu abikuye ku mutima, eka kandi ntabatuntuza abikuye ku mutima+.

  • Ezekiyeli 33:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Babwire uti: ‘“Ndahiye ukubaho kwanje,” ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “simpimbarwa n’uko umubisha apfa+, ahubwo mpimbarwa n’uko umubisha ahindukira+ akava mu nzira yiwe, akabandanya vy’ukuri kubaho+. Nimuhindukire, nimuhindukire muve mu nzira zanyu mbi+; kubera iki none mwokwirirwa murapfa ga yewe nzu ya Isirayeli+?”’

  • Luka 15:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Ndabibabwiye, ukwo ni ko haba akanyamuneza mu bamarayika b’Imana ku mucumuzi umwe yigaye+.”

  • 2 Petero 3:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Yehova ntatevye ku bijanye n’umuhango wiwe+, nk’uko bamwe babona uguteba, ahubwo yihanganiye mwebwe kuko adashaka yuko hagira n’umwe arandurwa, ahubwo ashaka ko bose bashika ku kwigaya+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika