ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 55:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Umubisha nahebe inzira yiwe+, n’umuntu agira nabi ahebe ivyiyumviro vyiwe+; nagaruke kuri Yehova, uwuzomugirira imbabazi+, ku Mana yacu, kuko izobabarira cane+.

  • Yeremiya 7:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Bubatse ibibanza bikirurutse* vy’i Tofeti+ hari mu mubande wa mwene Hinomu+, kugira ngo baturirire abahungu babo n’abakobwa babo mu muriro+, ikintu ntari narabategetse kandi kitigeze kinza mu mutima+.’

  • Yeremiya 18:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 maze iryo hanga rigahindukira koko rikava mu bubi bwaryo niyamirije+, nzokwicuza rero ku bijanye n’ivyago nari niyumviriye kurishitsako+.

  • Ezekiyeli 33:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Babwire uti: ‘“Ndahiye ukubaho kwanje,” ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “simpimbarwa n’uko umubisha apfa+, ahubwo mpimbarwa n’uko umubisha ahindukira+ akava mu nzira yiwe, akabandanya vy’ukuri kubaho+. Nimuhindukire, nimuhindukire muve mu nzira zanyu mbi+; kubera iki none mwokwirirwa murapfa ga yewe nzu ya Isirayeli+?”’

  • Abaheburayo 12:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kuko bo badutoza indero imisi mikeyi bisunze ivyaboneka ko ari vyiza kuri bo+, mugabo we abigira ku nyungu yacu kugira ngo dusangire ku bweranda bwiwe+.

  • Yakobo 1:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Iyo umuntu ari mu kigeragezo+, ntavuge ngo: “Ndiko ngeragezwa n’Imana.” Kuko Imana idashobora kugeragezwa n’ibintu bibi, eka na yo ubwayo nta we ibigerageresha.

  • 2 Petero 3:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Yehova ntatevye ku bijanye n’umuhango wiwe+, nk’uko bamwe babona uguteba, ahubwo yihanganiye mwebwe kuko adashaka yuko hagira n’umwe arandurwa, ahubwo ashaka ko bose bashika ku kwigaya+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika