ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 14:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Nkako, warasasitse+ Edomu maze umutima wawe ugushira hejuru+. Nunezererwe iteka ryawe+ kandi wibere mu nzu yawe. Kubera iki none worinda kwinjira mu matati+ kandi ibintu bitoroshe+, ukabwirizwa gutemba, ugatembana na Yuda?”

  • 2 Ngoma 26:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Ariko akimara gukomera, umutima wiwe ugira ubwibone+ gushika n’aho yikwegera akarambaraye+, ku buryo ahemuka kuri Yehova Imana yiwe akinjira mu rusengero rwa Yehova guturira imibavu ku gicaniro c’imibavu+.

  • Imigani 16:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Ubwishime buza imbere yo gusenyuka+, umutima wibona na wo imbere yo gutsitara+.

  • Ezekiyeli 28:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 “Mwana w’umuntu, bwira indongozi ya Tiro uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze:

      “‘“Ko umutima wawe wacitse uwibona+, kandi ukaguma uvuga ngo: ‘Ndi imana+. Niyicariye mu cicaro c’imana+, mu nda y’igezi ry’ikiyaga+,’ kandi uri umuntu yakuwe mw’ivu+, utari imana+, kandi umutima wawe ukaguma uwugira nk’umutima w’imana . . .

  • Daniyeli 5:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Ariko igihe umutima wiwe wagira ubwibone, n’impwemu yiwe igakomantara, agakorana ukwita imbere+, yarakuwe ku ntebe y’ubwami bwiwe, yakwa n’iteka ryiwe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika