ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 51:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Babiloni yabaye igikombe c’inzahabu mu kuboko kwa Yehova+, uwo Babiloni akaba yaboreza isi yose+. Amahanga yanyoye ku muvinyu wiwe+. Ni co gituma amahanga aguma akora nk’ayasaze+.

  • Daniyeli 2:38
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 38 igashira mu kuboko kwawe+, ahantu hose abana b’abantu baba, ibikoko vyo mw’ishamba n’ibiremwa vy’amababa vyo mu kirere, ikakugira umutware abiganza vyose, ni wewe mutwe w’inzahabu+.

  • Daniyeli 4:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 ni wewe, mwami+, kuko wakuze ugakomera, ubukuru bwawe bugakura bugashikira amajuru+, ubutware bwawe na bwo bugashika ku mpera y’isi+.

  • Daniyeli 7:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 “Ica mbere cari kimeze nk’intambwe+, kikagira amababa y’inkona+. Nguma nitegereza gushika amababa yaco aranduwe, hanyuma kirahagurutswa gikuwe hasi+, gihagarikwa ku birenge bibiri nk’umuntu, kandi gihabwa umutima w’umuntu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika