ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 12:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Mugabo nimutagamburuka ijwi rya Yehova+, mukagarariza koko itegeko rya Yehova+, ukuboko kwa Yehova kuzobarwanya ata gukeka, mwebwe na ba so+.

  • 1 Ngoma 28:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 “Nawe Salomo mwananje, umenye+ Imana ya so kandi uyikorere+ n’umutima ukwiye+ be n’umutima uhimbawe+; kuko Yehova asesa imitima yose+ kandi akamenya impengamiro yose y’ivyiyumviro+. Niwamurondera, azoreka umuronke+; mugabo niwamuheba+, azogushibura ibihe bidahera+.

  • 2 Ngoma 36:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Atangura guturira inzu y’Imana+ y’ukuri yongera asiturira hasi uruhome+ rwa Yeruzalemu; iminara yaho yo kubamwo yose bayituriza umuriro, be n’ibintu vyaho vyose bihimbaye+, kugira bahayogeze+.

  • Yeremiya 17:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 “‘“Mugabo nimutangamburukira mu kweza umusi w’isabato no mu kudatwara umutwaro+, ariko mukawinjirana muciye mu marembo ya Yeruzalemu ku musi w’isabato, nzodomeka rero umuriro mu marembo yiwe+, maze urigate koko iminara yo kubamwo ya Yeruzalemu+, kandi ntuzozima+.”’”

  • Yeremiya 37:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Kandi Abakaludaya bazogaruka ata kabuza, barwanye iki gisagara, bagifate maze bagiturize umuriro+.”

  • Yeremiya 52:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Maze aturira inzu ya Yehova+ n’inzu y’umwami n’amazu yose y’i Yeruzalemu+; kandi inzu yose ihambaye ayituriza umuriro+.

  • Hoseya 8:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Isirayeli yatanguye kwibagira Umuhinguzi wiwe+ no kwubaka insengero+; Yuda na we yagwije ibisagara bikingijwe ibihome+. Emwe, nzorungika umuriro mu bisagara vyiwe, urigate iminara yo kubamwo y’igisagara kimwekimwe cose+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika