Zaburi 65:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Ahwamika urwamo rw’ibiyaga+,Urwamo rw’imipfunda yavyo n’uruyogoyogo rw’imiryango y’amahanga+. Zaburi 89:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Uganza ukwisevya kw’ikiyaga+;Iyo kidugije imipfunda yaco, ni wewe uyitururuza+. Zaburi 107:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 Atururuza ikirura c’umuyaga kigatekana+,Imipfunda y’ikiyaga igatekereza+. Matayo 8:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 Mugabo ababwira ati: “Kubera iki muri n’umutima uhuha, mwa bantu b’ukwizera guke mwe+?” Maze arahaguruka akankamira nya miyaga na nya kiyaga, haca haratekana cane+.
26 Mugabo ababwira ati: “Kubera iki muri n’umutima uhuha, mwa bantu b’ukwizera guke mwe+?” Maze arahaguruka akankamira nya miyaga na nya kiyaga, haca haratekana cane+.