Zakariya 13:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 “Wa nkota we, ikangure urwanye umwungere wanje+, egome, umuntu w’umugabo mugenzanje+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. “Kubita umwungere+ intama zo mu mukuku zisabagire+; kandi sinzobura kugarukana ukuboko kwanje ku z’inkengerwa+.” Mariko 14:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Hanyuma Yezu ababwira ati: “Mwese muraza gutsitara, kuko vyanditswe ngo: ‘Nzokubita umwungere+, intama zisabagire+.’ Yohani 16:32 Bibiliya y’isi nshasha 32 Ehe isaha iriko iragera, kandi koko irageze, aho muzosanzara umwe wese akaja ku muhana iwe+, nanje mukansiga jenyene; yamara sindi jenyene, kuko Data ari kumwe nanje+.
7 “Wa nkota we, ikangure urwanye umwungere wanje+, egome, umuntu w’umugabo mugenzanje+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. “Kubita umwungere+ intama zo mu mukuku zisabagire+; kandi sinzobura kugarukana ukuboko kwanje ku z’inkengerwa+.”
27 Hanyuma Yezu ababwira ati: “Mwese muraza gutsitara, kuko vyanditswe ngo: ‘Nzokubita umwungere+, intama zisabagire+.’
32 Ehe isaha iriko iragera, kandi koko irageze, aho muzosanzara umwe wese akaja ku muhana iwe+, nanje mukansiga jenyene; yamara sindi jenyene, kuko Data ari kumwe nanje+.