ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 53:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Kubera ukuzigirizwa be n’urubanza, yarakuweho+; kandi ni nde azokwitaho ido n’ido ry’amamuko yiwe*+? Kuko yatandukanijwe+ n’igihugu c’abazima+. Yakubiswe+ azira ukugabitanya+ kw’abantu banje.

  • Daniyeli 9:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 “Kandi inyuma y’ayo mayinga mirongo itandatu n’abiri, Mesiya azokurwaho+, ntihagire ico asigarizwa+.

      “Kandi igisagara be n’ahantu heranda+ bizosenyurwa n’abantu b’indongozi iriko iraza+. Iherezo ryaho rizoba biciye kw’isegenya. Kandi hazoba intambara gushika kuri iryo herezo; icapfunditswe ni uko haba imisaka+.

  • Mariko 14:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Hanyuma Yezu ababwira ati: “Mwese muraza gutsitara, kuko vyanditswe ngo: ‘Nzokubita umwungere+, intama zisabagire+.’

  • Ivyakozwe 3:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Mugabo muri ubwo buryo Imana yarashikije ivyo yamenyesheje imbere y’igihe biciye mu kanwa k’abahanuzi bose, yuko Kristu wayo yobabajwe+.

  • Ivyahishuwe 13:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Kandi ababa kw’isi bose bazogisenga; nta n’umwe muri abo izina ryiwe ryanditswe mu muzingo+ w’ubuzima wa wa Mwagazi w’intama yicwa+, uhereye kw’ishingwa ry’isi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika