Zakariya 13:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 “Wa nkota we, ikangure urwanye umwungere wanje+, egome, umuntu w’umugabo mugenzanje+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. “Kubita umwungere+ intama zo mu mukuku zisabagire+; kandi sinzobura kugarukana ukuboko kwanje ku z’inkengerwa+.” Luka 2:35 Bibiliya y’isi nshasha 35 (egome, inkota ndende izosogota umutima wawe+), kugira ngo ivyiyumviro vyo mu mitima ya benshi bitwikururwe+.” Abaroma 5:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Kuko mu vy’ukuri igihe twari tukiri abagoyagoya+ ari ho Kristu yapfiriye abatibanga Imana, ku gihe cashinzwe+. Abaheburayo 9:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 Ahandiho, yobwirijwe kubabara kenshi kuva kw’ishingwa+ ry’isi. Mugabo ubu yariyerekanye+ rimwe+ rizima ku nsozero y’ibihe+ kugira ngo akureho igicumuro biciye ku kimazi ciwe ubwiwe+.
7 “Wa nkota we, ikangure urwanye umwungere wanje+, egome, umuntu w’umugabo mugenzanje+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. “Kubita umwungere+ intama zo mu mukuku zisabagire+; kandi sinzobura kugarukana ukuboko kwanje ku z’inkengerwa+.”
35 (egome, inkota ndende izosogota umutima wawe+), kugira ngo ivyiyumviro vyo mu mitima ya benshi bitwikururwe+.”
6 Kuko mu vy’ukuri igihe twari tukiri abagoyagoya+ ari ho Kristu yapfiriye abatibanga Imana, ku gihe cashinzwe+.
26 Ahandiho, yobwirijwe kubabara kenshi kuva kw’ishingwa+ ry’isi. Mugabo ubu yariyerekanye+ rimwe+ rizima ku nsozero y’ibihe+ kugira ngo akureho igicumuro biciye ku kimazi ciwe ubwiwe+.