ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 22:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Ububasha bwanje bwumye nk’urujo+,

      Ururimi rwanje na rwo rumatanijwe n’ibinyigishi vyanje+;

      Kandi unshira mu mukungugu w’urupfu+.

  • Yesaya 53:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Kubera ukuzigirizwa be n’urubanza, yarakuweho+; kandi ni nde azokwitaho ido n’ido ry’amamuko yiwe*+? Kuko yatandukanijwe+ n’igihugu c’abazima+. Yakubiswe+ azira ukugabitanya+ kw’abantu banje.

  • Yesaya 53:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Ku bw’iyo mvo, nzomuha umugabane muri benshi+, kandi azogabanganya isahu kumwe n’abanyabushobozi+, kubera ko yasutse ubuzima bwiwe gushika ku rupfu+, agaharurwa mu bagabitanya+; kandi ubwiwe yiremetse igicumuro c’abantu benshi+, aja hagati ku bw’abagabitanya+.

  • Matayo 26:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 “Murazi yuko mu misi ibiri hazoba pasika*+, kandi Umwana w’umuntu azogaburwa ngo amanikwe+.”

  • Luka 24:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Mbega ntivyari bikenewe ko Kristu ashikirwa+ n’ivyo bintu hanyuma akinjira mu buninahazwa bwiwe+?”

  • 1 Abakorinto 15:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Kuko mu bintu vya mbere nabahereje, harimwo ico nanje nahawe+, yuko Kristu yapfuye ku bw’ibicumuro vyacu nk’uko Ivyanditswe bivuga+;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika