Kuvayo 34:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 “Uzokora imisi itandatu, mugabo ku musi ugira indwi uzokwubahiriza isabato+. Mu gihe c’irima no mw’iyimbura uzokwubahiriza isabato+. Abalewi 25:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Mugabo mu mwaka ugira indwi hakwiye kuba isabato y’akaruhuko kuzuye kuri nya gihugu+, isabato kuri Yehova. Umurima wawe ntuze uwubibe imbuto, kandi umurima wawe w’imizabibu ntuze uwututurire. Abalewi 25:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Muze mweze umwaka ugira mirongo itanu, mutangaze ukurekurwa mu gihugu ku bakibamwo bose+. Uzobabera Yubile*+, kandi umwe wese muri mwebwe aze asubire kw’itongo ryiwe, asubire no mu muryango wiwe+. Mariko 2:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 ku bw’ivyo rero Umwana w’umuntu ni Umukama mbere w’isabato+.” Luka 6:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Abandanya kubabwira ati: “Umwana w’umuntu ni Umukama w’isabato+.”
21 “Uzokora imisi itandatu, mugabo ku musi ugira indwi uzokwubahiriza isabato+. Mu gihe c’irima no mw’iyimbura uzokwubahiriza isabato+.
4 Mugabo mu mwaka ugira indwi hakwiye kuba isabato y’akaruhuko kuzuye kuri nya gihugu+, isabato kuri Yehova. Umurima wawe ntuze uwubibe imbuto, kandi umurima wawe w’imizabibu ntuze uwututurire.
10 Muze mweze umwaka ugira mirongo itanu, mutangaze ukurekurwa mu gihugu ku bakibamwo bose+. Uzobabera Yubile*+, kandi umwe wese muri mwebwe aze asubire kw’itongo ryiwe, asubire no mu muryango wiwe+.