13 Mukimara kwinjira mu gisagara, muca mumubona, imbere y’uko aduga mu kibanza gikirurutse kurya; kuko abantu badashobora kurya atarashika, kubera ko ari we ahezagira nya kimazi+. Inyuma y’ivyo ni ho gusa abatumiwe bashobora kurya. Ubu rero nimuduge, kuko we muca mumubona buno nyene.”