Zaburi 118:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 Hahezagirwe uwuje mw’izina rya Yehova+;Twarabahezagiye turi mu nzu ya Yehova+. Mariko 11:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Kandi abagendera imbere n’abakurikira baguma basemerera bati: “Kiza, turatakamvye+! Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova+! Luka 2:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 “Ubuninahazwa iyo hejuru+ mu majuru bube ubw’Imana, kw’isi na ho amahoro+ abe mu bantu ishima+.”
9 Kandi abagendera imbere n’abakurikira baguma basemerera bati: “Kiza, turatakamvye+! Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova+!