10 “Ku musi ugira umunani+ azotora impfizi z’intama zibiri zikiri nto zitagira agahonzi be n’umwagazi w’intama w’ishashi umwe utagira agahonzi+, mu mwaka wawo wa mbere, n’ivy’icumi bitatu vya efa y’ifu inoze bwa shikanwa ry’intete+ ribombekeshejwe amavuta, n’ingero imwe ya logi y’amavuta+;