3 Nkako, uwo ni umwe yavugwa biciye kuri Yesaya umuhanuzi+ muri aya majambo ngo: “Umve! Hari umuntu ariko arasemerera mu gahinga, ati: ‘Nimutegure+ inzira ya Yehova! Mugorore amayira yiwe.’”
17 Vyongeye, azomuja imbere afise impwemu n’ububasha vya Eliya+ kugira agarukane imitima+ ya ba se ku bana, n’ibigaba abigarukane ku bukerebutsi ngirakamaro bw’abagororotsi, kugira atunganirize Yehova+ igisata giteguye+.”