Yesaya 29:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 ndi hano rero, Umwe azokwongera gukorera aba bantu ivy’agatangaza+, mu buryo bw’agatangaza, akoresheje ikintu c’agatangaza; ubukerebutsi bw’inkerebutsi zabo butegerezwa guhona, n’ugutegera kw’abanyabwenge kuzokwihisha+.” Matayo 11:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Muri uwo mwanya Yezu aca avuga ati: “Ndagushemeza icese, Data, Mukama w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije inkerebutsi n’incabwenge, ukabihishurira inzoya+. Matayo 13:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Ni co gituma ndababwirira mu bigereranyo, kubera ko kuraba baraba bakarabira ubusa, no kwumva bumva bakumvira ubusa, kandi ntibanategera insobanuro+; Yohani 3:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Iri rero ni ryo shingiro ryo guca urubanza: ni uko umuco+ waje mw’isi+ mugabo abantu bagakunda umwiza aho gukunda umuco+, kuko ibikorwa vyabo vyari bibi. Ivyakozwe 28:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 iti: ‘Genda kuri aba bantu uvuge uti: “Kwumva muzokwumva, mugabo ntimuzogenda mutegereye; kandi kuraba muzoraba, mugabo ntimuzogenda mubonye+. Abaroma 1:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 Kandi nk’uko batashimye kumenya Imana mu buryo butagira amakosa+, Imana yarabahebeye imero y’umuzirikanyi itemewe+, ngo bakore ibitabereye+, 2 Petero 1:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Kuko iyo umuntu adafise ivyo, aba ari impumyi, ahumiriza ngo amaso yiwe ntabone umuco+, kandi aba yibagiye+ uguhumanurwa+ kw’ibicumuro vyiwe vya kera.
14 ndi hano rero, Umwe azokwongera gukorera aba bantu ivy’agatangaza+, mu buryo bw’agatangaza, akoresheje ikintu c’agatangaza; ubukerebutsi bw’inkerebutsi zabo butegerezwa guhona, n’ugutegera kw’abanyabwenge kuzokwihisha+.”
25 Muri uwo mwanya Yezu aca avuga ati: “Ndagushemeza icese, Data, Mukama w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije inkerebutsi n’incabwenge, ukabihishurira inzoya+.
13 Ni co gituma ndababwirira mu bigereranyo, kubera ko kuraba baraba bakarabira ubusa, no kwumva bumva bakumvira ubusa, kandi ntibanategera insobanuro+;
19 Iri rero ni ryo shingiro ryo guca urubanza: ni uko umuco+ waje mw’isi+ mugabo abantu bagakunda umwiza aho gukunda umuco+, kuko ibikorwa vyabo vyari bibi.
26 iti: ‘Genda kuri aba bantu uvuge uti: “Kwumva muzokwumva, mugabo ntimuzogenda mutegereye; kandi kuraba muzoraba, mugabo ntimuzogenda mubonye+.
28 Kandi nk’uko batashimye kumenya Imana mu buryo butagira amakosa+, Imana yarabahebeye imero y’umuzirikanyi itemewe+, ngo bakore ibitabereye+,
9 Kuko iyo umuntu adafise ivyo, aba ari impumyi, ahumiriza ngo amaso yiwe ntabone umuco+, kandi aba yibagiye+ uguhumanurwa+ kw’ibicumuro vyiwe vya kera.