ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 29:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 ndi hano rero, Umwe azokwongera gukorera aba bantu ivy’agatangaza+, mu buryo bw’agatangaza, akoresheje ikintu c’agatangaza; ubukerebutsi bw’inkerebutsi zabo butegerezwa guhona, n’ugutegera kw’abanyabwenge kuzokwihisha+.”

  • Matayo 11:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Muri uwo mwanya Yezu aca avuga ati: “Ndagushemeza icese, Data, Mukama w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije inkerebutsi n’incabwenge, ukabihishurira inzoya+.

  • Matayo 13:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Ni co gituma ndababwirira mu bigereranyo, kubera ko kuraba baraba bakarabira ubusa, no kwumva bumva bakumvira ubusa, kandi ntibanategera insobanuro+;

  • Yohani 3:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Iri rero ni ryo shingiro ryo guca urubanza: ni uko umuco+ waje mw’isi+ mugabo abantu bagakunda umwiza aho gukunda umuco+, kuko ibikorwa vyabo vyari bibi.

  • Ivyakozwe 28:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 iti: ‘Genda kuri aba bantu uvuge uti: “Kwumva muzokwumva, mugabo ntimuzogenda mutegereye; kandi kuraba muzoraba, mugabo ntimuzogenda mubonye+.

  • Abaroma 1:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Kandi nk’uko batashimye kumenya Imana mu buryo butagira amakosa+, Imana yarabahebeye imero y’umuzirikanyi itemewe+, ngo bakore ibitabereye+,

  • 2 Petero 1:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Kuko iyo umuntu adafise ivyo, aba ari impumyi, ahumiriza ngo amaso yiwe ntabone umuco+, kandi aba yibagiye+ uguhumanurwa+ kw’ibicumuro vyiwe vya kera.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika