ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 3:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Maze Imana yongera kubwira Musa iti:

      “Ibi ni vyo uzobwira bene Isirayeli: ‘Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu, Imana ya Aburahamu+, Imana ya Izahaki+ n’Imana ya Yakobo+, yabantumyeko.’ Iryo ni ryo zina ryanje gushika igihe kitagira urugero*+, kandi ico ni co cibutso canje iyaruka ku rindi+.

  • Ivyakozwe 3:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Imana ya Aburahamu n’iya Izahaki n’iya Yakobo+, ya Mana ya ba sogokuruza bacu, yaninahaje+ Umusavyi+ wayo Yezu, uwo mwebwe mwatanze+ mukamwihakanira imbere ya Pilato, mu gihe yari yafashe ingingo yo kumurekura+.

  • Ivyakozwe 26:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Ariko kubera yuko naronse imfashanyo+ iva ku Mana ndabandanya kugeza uno musi gushinga intahe ku bato no ku bahambaye, mugabo ata kindi mvuga atari ivyo Abahanuzi+ be na Musa+ bavuze ko vyari bigiye kuba,

  • 2 Timoteyo 1:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Ndashimira Imana nkorera igikorwa ceranda+ nka ba sogokuruza banje+ mfise ijwi ryo mu mutima ridahumanye+, kubona ntahengeshanya kukwibuka mu ntakambo zanje+, ijoro n’umurango

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika