Ivyakozwe 13:43 Bibiliya y’isi nshasha 43 Nuko ikoraniro ryo mw’isinagogi rimaze gusambuka, benshi mu Bayuda no mu binjiye idini ryabo bǎsenga Imana bakurikira Paulo na Barunaba+, bano mu kubabwira batangura kubahimiriza+ ngo babandanye mu buntu ata wari abukwiriye bw’Imana+. Ivyakozwe 14:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 bakomeza imitima y’abigishwa+, babaremesha kuguma mu kwizera bavuga kandi bati: “Dutegerezwa kwinjira mu bwami bw’Imana duciye mu makuba menshi+.”
43 Nuko ikoraniro ryo mw’isinagogi rimaze gusambuka, benshi mu Bayuda no mu binjiye idini ryabo bǎsenga Imana bakurikira Paulo na Barunaba+, bano mu kubabwira batangura kubahimiriza+ ngo babandanye mu buntu ata wari abukwiriye bw’Imana+.
22 bakomeza imitima y’abigishwa+, babaremesha kuguma mu kwizera bavuga kandi bati: “Dutegerezwa kwinjira mu bwami bw’Imana duciye mu makuba menshi+.”