Matayo 10:38 Bibiliya y’isi nshasha 38 Kandi uwo wese atemera kwikorera igiti co kubabarizwako ciwe ngo ankurikire, ntankwiriye+. Yohani 15:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Iyo muba ab’isi, isi yokunze cane icayo+. Ariko kubera ko mutari ab’isi+, mugabo nkaba nabatoye mw’isi, ni co gituma isi ibanka+. Abaroma 8:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Nimba rero turi abana, turi na ba samuragwa: ba samuragwa koko b’Imana, mugabo tukaba abaraganwa+ na Kristu, dukire gusa kubabarana+ na we kugira ngo kandi tuninahazanywe na we+. 1 Abatesalonika 3:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Nkako kandi, igihe twari kumwe namwe, twahora tubabwira imbere y’igihe+ yuko twabwirizwa gushikirwa n’amakuba+, nk’uko nyene vyabaye, nk’uko kandi mubizi+.
19 Iyo muba ab’isi, isi yokunze cane icayo+. Ariko kubera ko mutari ab’isi+, mugabo nkaba nabatoye mw’isi, ni co gituma isi ibanka+.
17 Nimba rero turi abana, turi na ba samuragwa: ba samuragwa koko b’Imana, mugabo tukaba abaraganwa+ na Kristu, dukire gusa kubabarana+ na we kugira ngo kandi tuninahazanywe na we+.
4 Nkako kandi, igihe twari kumwe namwe, twahora tubabwira imbere y’igihe+ yuko twabwirizwa gushikirwa n’amakuba+, nk’uko nyene vyabaye, nk’uko kandi mubizi+.