Zaburi 22:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Kuko imbwa zinkikuje+;Ikoraniro ry’inkozi z’ikibi riranzitiye+.Nka kurya kw’intambwe, bari ku maboko yanje no ku birenge vyanje+. Zaburi 41:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Kandi umuntu yabana amahoro nanje, uwo nari nizigiye+,Uwarya ku mukate wanje+, andugirije igitsintsiri+. Yesaya 53:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Yarasugerezwa+, akemera agatezwa amarushwa+; yamara ntiyakurako umunwa. Yazanwa nk’intama igiye gukererwa+; kandi kurya kw’intama y’ingore yacitse ikiragi imbere y’abayikemura, na we nyene ntiyakurako umunwa+. Zakariya 11:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Maze ndababwira nti: “Nimba ari vyiza mu maso yanyu+, nimumpe impembo yanje; atari ukwo na ho, mureke.” Bampa rero impembo yanje: ibiceri mirongo itatu vy’ifeza+.
16 Kuko imbwa zinkikuje+;Ikoraniro ry’inkozi z’ikibi riranzitiye+.Nka kurya kw’intambwe, bari ku maboko yanje no ku birenge vyanje+.
9 Kandi umuntu yabana amahoro nanje, uwo nari nizigiye+,Uwarya ku mukate wanje+, andugirije igitsintsiri+.
7 Yarasugerezwa+, akemera agatezwa amarushwa+; yamara ntiyakurako umunwa. Yazanwa nk’intama igiye gukererwa+; kandi kurya kw’intama y’ingore yacitse ikiragi imbere y’abayikemura, na we nyene ntiyakurako umunwa+.
12 Maze ndababwira nti: “Nimba ari vyiza mu maso yanyu+, nimumpe impembo yanje; atari ukwo na ho, mureke.” Bampa rero impembo yanje: ibiceri mirongo itatu vy’ifeza+.