Ivyakozwe 20:34 Bibiliya y’isi nshasha 34 Mwebwe ubwanyu murazi yuko aya maboko yandonkeje ivyo nkenera+, abironsa n’abo turi kumwe. 1 Abakorinto 4:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 no gucumukura+ dukoresha amaboko yacu bwite+. Iyo turiko turatukwa, turahezagira+; iyo turiko turahamwa, turarindirako+; 1 Abakorinto 9:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Mugabo jewe nta na kimwe nakoresheje muri ivyo+. Vy’ukuri, sinanditse ivyo kugira bingendere gutyo, kuko nopfuma mpfa hako... nta muntu azohindura ubusa imvo yanje yo kwirata+! 1 Abatesalonika 2:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Nta gukeka muribuka, bene wacu, ukubira akuya n’ugucumukura kwacu. Twababwiye inkuru nziza y’Imana dukora+ ijoro n’umurango, kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe twikoreza umuzigo uzimvye+. 2 Abatesalonika 3:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Nkako kandi, igihe twari kumwe namwe, twahora tubaha iri tegeko+: “Nimba hari uwudashaka gukora, no kurya ntarye+.”
12 no gucumukura+ dukoresha amaboko yacu bwite+. Iyo turiko turatukwa, turahezagira+; iyo turiko turahamwa, turarindirako+;
15 Mugabo jewe nta na kimwe nakoresheje muri ivyo+. Vy’ukuri, sinanditse ivyo kugira bingendere gutyo, kuko nopfuma mpfa hako... nta muntu azohindura ubusa imvo yanje yo kwirata+!
9 Nta gukeka muribuka, bene wacu, ukubira akuya n’ugucumukura kwacu. Twababwiye inkuru nziza y’Imana dukora+ ijoro n’umurango, kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe twikoreza umuzigo uzimvye+.
10 Nkako kandi, igihe twari kumwe namwe, twahora tubaha iri tegeko+: “Nimba hari uwudashaka gukora, no kurya ntarye+.”