11 Ncitse imburabwenge. Ni mwe mwangobereye+ kumera gutyo, kuko nabwirizwa kuba narashimagijwe namwe. Kuko ntabonetse ko ndi munsi y’izo ntumwa zanyu z’agahebuza+ mu kintu na kimwe, naho ata co ndi+.
6 Mugabo ku bo wamenga hari ico bari+—naho kera boba bari bande, kuri jewe nta co bihindura+—Imana ntifatira ku kuntu umuntu aboneka inyuma+—mu vy’ukuri abo bagabo bakomakomeye jewe nta kintu gishasha bandonkeje.