1 Abakorinto 4:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Ni co gituma ndabarungikiye Timoteyo+, kuko ari umwana wanje w’umukundwa+ kandi w’umwizigirwa mu Mukama; na we azobibutsa ubuhinga bwanje mu bijanye na Kristu Yezu+, nk’uko nigisha hose mw’ishengero iryo ari ryo ryose. 2 Timoteyo 1:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 ndakwandikiye wewe Timoteyo, umwana wanje w’umukundwa+: Habe ubuntu ata wari abukwiriye, imbabazi, amahoro biva ku Mana ari yo Data no kuri Kristu Yezu Umukama wacu+.
17 Ni co gituma ndabarungikiye Timoteyo+, kuko ari umwana wanje w’umukundwa+ kandi w’umwizigirwa mu Mukama; na we azobibutsa ubuhinga bwanje mu bijanye na Kristu Yezu+, nk’uko nigisha hose mw’ishengero iryo ari ryo ryose.
2 ndakwandikiye wewe Timoteyo, umwana wanje w’umukundwa+: Habe ubuntu ata wari abukwiriye, imbabazi, amahoro biva ku Mana ari yo Data no kuri Kristu Yezu Umukama wacu+.