ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 64:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  6 Baguma baserangura ibintu bitagororotse+;

      Banyegeje umugambi w’urwenge useranguwe neza+,

      Kandi imbere muri umwe wese, egome, umutima wiwe, hashika kure ibwina+.

  • Yohani 8:44
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 44 Mwebwe muva kuri so Shetani*+, kandi mushaka gushitsa ivyipfuzo vya so+. Uwo yari umwicanyi kuva mu ntango+, kandi ntiyashikamye mu kuri, kuko ukuri kutari muri we. Iyo avuga ikinyoma, avuga nk’uko agatima kiwe bwite kari, kuko ari umunyakinyoma akaba na se w’ikinyoma+.

  • Ivyakozwe 13:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 avuga ati: “Ewe wa muntu yuzuye ubwoko bwose bw’ububeshi n’ubwoko bwose bw’ikibi kibishe, wa mwana wa Shetani+, wa mwansi w’ibigororotse vyose: mbega ntuzoreka kugoramika inzira zigororotse za Yehova?

  • 1 Abakorinto 4:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Ku bw’ivyo, ntihagire ico mucira urubanza+ igihe kitaragera, gushika Umukama aje+, umwe azozana ku muco ibintu vy’ibanga vy’umwiza+ akongera agashira ahabona inama zo mu mitima+, ni ho umwe wese azoronka ugushimagizwa kwiwe kuva ku Mana+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika