Esiteri
10 Maze Umwami Ahasuwerusi ategeka igihugu n’amazinga+ yo mu kiyaga gukora ibikorwa vy’agahato+.
2 Nayo igikorwa c’inkomezi ciwe cose n’ubushobozi bwiwe be n’ido n’ido ry’ubukuru bwa Morudekayi+, ubwo umwami yamugirishije mukuru+, none ntivyanditswe mu Gitabu c’ivyo+ mu bihe vy’abami b’Ubumedi n’Ubuperesi+? 3 Kuko Morudekayi Umuyuda yari uwugira kabiri+ ku Mwami Ahasuwerusi akaba n’uwuhambaye mu Bayuda kandi akemerwa na bene wabo benshi; yakora arondera ineza y’igisata ciwe kandi akabwira ivy’amahoro+ uruvyaro rwabo rwose.