Ku muyobozi, ku bicurarangisho vy’imirya kuri ogitave yo hasi+. Agahibongozo ka Dawidi.
6 Ewe Yehova, ntunkangīre mw’ishavu ryawe+,
Kandi ntunkosore mu bushangashirwe bwawe+.
2 Ngirira ubutoni, Yehova we, kuko ndiko ndayama+.
Nkiza+, Yehova we, kuko amagufa yanje adurumbanye.
3 Egome, umutima wanje uradurumbanye cane rwose+;
Ariko nawe ga Yehova, uzogeza ryari+?
4 Garuka+, Yehova we, ntabara+;
Nkiza kubera ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+.
5 Kuko mu rupfu utavugwa+;
Mu kuzimu ni nde azoguhaya+?
6 Ndarambiwe n’ukuniha kwanje+;
Ijoro ryose ndara ndajobeka uburiri bwanje+;
Ubusaswa bwanje ndabudengereza amosozi+.
7 Ijisho ryanje ricitse goyigoyi kubera umwikomo+,
Rirashaje kubera abo bose banyanka+.
8 Mva iruhande, mwese abaza barakora ibintu bibabaza+,
Kuko Yehova atazobura kwumva ijwi ry’ukurira kwanje+.
9 Yehova azokwumva koko ugusaba ubutoni kwanje+;
Yehova ubwiwe azokwemera isengesho ryanje+.
10 Abansi banje bose bazomaramara+ kandi badurumbane cane rwose;
Bazosubira inyuma; bazomaramara nk’aka kanya+.