Amosi
6 “Baragowe abiraramiye+ i Siyoni be n’abizigira umusozi wa Samariya! Abo ni abanyacubahiro bo mw’ihanga rihambaye kuruta ayandi, kandi ni bo inzu ya Isirayeli yaje igana. 2 Nimufate inzira muje i Kalune, mwirabire; hanyuma muveyo muje i Hamati+ ahaba abantu benshi, muheze mumanuke i Gati+ h’Abafilisitiya. Mbega ivyo bisagara vyoba ari vyo vyiza kuruta ubu bwami, canke mugira ngo akarere kavyo ni ko kanini kuruta akarere kanyu+? 3 Mbega muriko mwikura mu muzirikanyi wa musi w’ivyago+, mukigiza hafi inzu y’ubukazi+? 4 Mwebwe abiryamiye ku mariri y’amasenge y’inzovu+, mukigaramangira ku busaswa bwanyu, mukirira impfizi z’intama zo mu mukuku be n’ibimasa vyakuwe mu nyana zadoheshejwe+, 5 mugafondafonda indirimbo mwisunze ijwi ry’igicurarangisho c’imirya+, nka kumwe kwa Dawidi mukaba mwarihingu riye ibikoresho vyo gucuraranga indirimbo+, 6 mukanywera mu mabakure y’umuvinyu+, mukisiga amavuta mezameza+, kandi mukaba mutarwajwe n’ivyago vya Yozefu+.
7 “Ni co gituma rero bazoja mu bunyagano bari imbere y’abariko baja mu bunyagano+, kandi ukwidagadura kw’abigaramangira kuzovaho ata kabuza.
8 “‘Umukama Segaba Ye hova arirahiye+,’ ni ko Yehova Imana nyen’ingabo avuze, ati: ‘“Nanka urunuka ubwishime bwa Yakobo+, n’iminara yiwe yo kubamwo ndayanse+, kandi igisagara be n’ibicuzuye nzobigabura ku bansi+. 9 Kandi nihasigara abantu cumi mu nzu imwe, na bo nyene ntibazobura gupfa+. 10 Kandi mwene wabo na se azobwirizwa kubatwara hanze umwumwe, abaturire umwumwe, kugira ngo asohore amagufa muri nya nzu+. Kandi azobwirizwa kubaza umuntu wese ari mu bwigobeko bwa nya nzu ati: ‘Hari abandi muri kumwe?’ Na we azovuga koko ati: ‘Nta n’umwe!’ Nya muntu na we azobwirizwa kuvuga ati: ‘Cereza! Kuko atari igihe co gucisha mu kanwa izina rya Yehova+.’”
11 “‘Kuko ehe Yehova arategetse+, kandi ntazobura gusenyura inzu nini akayigira ibisenyagurike, inzu ntoyi na yo akayigira isakamburira+.
12 “‘Mbega amafarasi yokwiruka ku rutare? Canke umuntu yoharimisha inka? Kuko ubutungane mwabuhinduye igiterwa c’ubumara+, icamwa c’ubugororotsi na co mugihindura ibamba, 13 mwebwe abanezererwa ikintu kitariho+, mukavuga ngo: “Mbega inkomezi zacu si zo zatumye twironsa amahembe*+?” 14 Raba! Ngira ndabahagurukirize ihanga+, ewe nzu ya Isirayeli,’ ni ko Yehova Imana nyen’ingabo avuze, ‘babahahaze kuva ku bwinjiriro bwa Hamati+ gushika ku mwonga wa Araba.’”